Icibutso ca Mikhail Kalashinikov mu Burusiya

Mikhail Kalashnikov afite imbunda ya AK-47 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hatekerezwa ko hakozwe imbunda zo mu bwoko bwa Kalashnikov zigera kuri miliyoni 100

Mu Burisiya hubatswe icibutso ca Mikhail Kalashinikov, umugabo yakoze inkoho izwi hafi kw' isi yose kw' izina rya kalashinikov -AK-47.

Mu biroro vyo futanguza ico cibutso, umushikiranganji w'umuco Vladimir Medinsky, yavuze ko AK-47 ari kimwe mu biranga umuco w'Uburusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption AK47 ikoreshwa henshi ku isi mu ntambara no mu kubungabunga amahoro

Ikigereranyo c'igitigiri c'inkoho zo muri ubwo zimaze gukorwa mu myaka 70 iheze kuva kalashinikov itanguye, kigeze ku miliyoni 100.

Ico cobutso cerekana Mikhail Kalashinikov afise iyo nkoho mu ntoke, inyuma naho hari igishusho c'umumarayika Michael aca umutwe igisizimwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Kremlin.ru
Image caption Mikhail Kalashnikov yahimbye imbunda ya AK47 kugira ngo agere ku ngufu nk'iz'Ubudage