Amerika irahakana ibivugwa na Korea ya ruguru ko yatangaje intambara n'ico gihugu

Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/ GETTY IMAGES
Image caption Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un

Amerika ivuga koitangazo rya Korea ya ruguru rivuga ko Amerika yatangaje intambara ari ububeshi.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu kandi yagabishije Korea ya ruguru ngo ihagarike agasotoro inyuma y'aho ivugiye ko ifise uburenganzira bwo gukorora indege z'intambara za Amerika.

Umuvugizi wa Onu yavize ko uko guterana amajambo bishobora gutuma haba intambara.

Korea ya ruguru yasavye ko haba inyishu igereranye, inagabisha ko imishamirano yokwaduka muri ako karere bitoroshe kuyihagarika.

Umushikiranganji wa Korea ya ruguru ajejwe imigenderanire, Ri Yong-ho yabwiye abamenyeshamaakuru ku wa mbere ko "Isi yose izibuka ko ari Amerika yatanguye ubwa mbere gutangaza intambara ku gihugu cacu".

Korea ya Ruguru yagirije Amerika gutangaza ingwano

Korea ya Ruguru: Ijambo rya Trump ni "ijwi ry'imbwa ikuga"

Ivyo yabivuze yishura kuvyo prezida wa Amerika Donald Trump yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitt avuga ko Korea ya ruguru "ata gihe kinini isigaje" mu gihe abategetsi bayo bobandanya inyifato yabo.

Mu misi ibiri iheze indege z'intambara za Amerika zaraciye hagufi ya Korea ya ruguru mu kwerekana inguvu.

Mu gihe yariko arava i New York mu nama nkuru ya Onu, umushikiranganji Ri yavuze ko igihugu ciwe gifise uburenganzira bwo gukorora indege z'intambara za Amerika no mu gihe zitoba zirimu kirere c'icoo gihugu.