Prezida mushasha wa Angola ararahizwa

Joao Laurenco Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Joao Laurenco ararahirira kurongora igihugu ca Angola

João Lourenço, yahora ari umushikiranganji wo kwivuna abansi asubiriye prezida Eduardo Dos Santos yaramaze imyaka mirongo itatu n'umunani ku butegetsi.

Uwo mukuru w'igihugu mushasha vyitezwe ko arahizwa uyu musi ku wa kabiri.

Ni ubwa mbere haba ibisikanya ku butegetsi bw'ico gihugu mu myaka yababa mirongo ine.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko n'aho abantu bo muri Angola bashima uko kubisikanya ku butegetsi, bavuga ko bishoboka ko hatazogira ibintu vyinshi bihinduka kubera Loureno ari umuyoboke w'umugambwe uri ku butegetsi wa MPLA (Popular Movement of Angola).

Angola: Ishyaka MPLA riri ku butegetsi ryatsinze amatora

Amatora muri Angola

Dos Santos azoguma ari umukuru w'uwo mugambwe, bikaba bimuha uburenganzira bwo kugena umukuru wa gisirikare n'igipolisi.

Umugambwe wa MPLA uri ku butegetsi kuva igihugu ca Angola kironse intahe yo kwikukira mu 1975.

Rais mpya wa Angola anatarajiwa kuapishwa leo Jumanne.