Mudasobwa zishobora guheta abantu gutanga ivyiyumviro

Artificial Intelligence Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibaze gusubirirwa n'imashini mu gutanga ivyiyumviro

N'ubwo ari ibisanzwe kuri kiremwamuntu kurushwa n'imashini za mudasobwa mu kwibuka, ariko rero umuntu yama aza imbere y'imashini iyo hageze gutanga ivyiyumviro.

Ariko bishobora guhinduka, umuntu akikora ku bwenge nkorano bw'imashini canke 'Artificial Intelligence' ikamwunganira mu gutanga ivyiyumviro.

Biramaze kumenyekana ko mudasobwa zishobora kurusha abantu gukina udukino tumwe tumwe nk'igisoro.

Kandi turamaze kwemera ko ubwenge nkorano buri mu mashini, busumba ubwenge ndemanwa bw'umwana w'umuntu, iyo hageze gutanga inyishu zishobora kuva mu kwihweza ibintu vyinshi icarimwe.

Nko kwihweza amafagitire ya miriyoni z'abaguzi mu ntumbero yo kuraba abashobora kunezerezwa n'inyongera y'akantu gato iyo bagiye gusuma.

None bizogenda gute mu gihe ubwenge nkorano buzoba burenza ibikorwa n'abantu, mu gusesangura ivyiyumviro vyacu n'amarangamutima yacu mu gihe duhanahana ivyiyumviro?

Ni ibintu bishoboka ko imashini za mudasobwa zizoshobora gufasha umuntu gufata ingingo, kandi abahinga benshi bariko barakora ubushakashatsi kuri ico gikorwa.

Nta gihe gishize, kwiyumvira ko hashobora kuboneka imashini yoharira n'umuntu, bisa n'ibitabaho.

N'ubushakashatsi bushingiye ku gukora imashini zizanira umuntu amakuru yerekeye ikiganiro kanaka kimuhuza n'abandi, zigashingira ku bimenyetso zimwereka inzira ishimangiye y'ingene ibintu bimeze/umwanzuro.

N'ubumenyi bushobora gufasha gufata ingingo zikomeye zirimwo kwereka ibigo vy'ubucuruzi aho bikwiye gushora amafaranga, kurwanya ubukozi bw'ikibi canke gufata ingingo zitez'imbere amagara y'abantu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Garry Kasparov yarushijwe n' imishni mu mikino w' igisoro muri 1997

Ariko rero kwigisha imashini ukwo abantu baganira, si igikorwa coroshe.

Igihangange kw'isi mu rukino rw'igisoro Garry Kasparov, yarushijwe n'imahini mu 1997.

Hamwe mu hantu guharira canke kurushanwa mu kwiyumvira ari ibintu bihamabaye, ni muri sentare.

Niko, ibimenyetso ni kimwe mu bishingirwako mu guca urubanza.

Ariko hari n'ivyubahirizwa mu mibano, ibisabwa n'amategeko, kwigengesera ibishobora gukomeretsa umuntu ku mutima, intambamyi zo mu buzima n'ibindi abacamanza, ababuranira abaregwa hamwe n'abandi bashingantahe bashobora gufatirako mu guharira mu rubanza.

Ariko haheze imyaka ibiri abashakashatsi bariko bagerageza kwiyumvira ukwo vyoshoboka gucura ubwenge bushusha n'ubwo umuntu, mu kugaragaza ivyiyumviro.

Ubu bari mu gikorwa co kwihweza ingene ubwo bwenge bukora n'uburyo bobuhindura mu buhinga busomwa n'imashini birta AI algorithms.

Iki ni igice kizoba kizwi nk'ubuhinga bwo guharira.

Igituma bateye imbere mu bushakashatsi n'uko hari ibintu vyinshi bishobora kwegeranywa mu kwigisha imashini guharira ku kintu kanaka.

Abashakashatsi bafatira ku bumenyi bwa philosophy, linguistics, n'ubuhinga bwa mudasobwa nyene, cane ndetse gusesangura amategeko, mu ntumbero yo kwihweza ingene guharira ku ciyumviro kanaka vyogenda.

Ubu bushaskashatsi bukoregwa muri za 'labolatoires' zitandukanye hirya no hino kw'isi.

Kuber'iki ijuru risa n'ubururu?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imashini zishobora gutorera inyiushu ibibazo bisobanuza impamvu nk'ivyo abana bakunda kubaza

Imashini zishobora kwiga kwishura ku kibazo abana bakunda kubaza cane, ari co 'kuber'iki?'

Inzira ya mbere ni ugutanga ibituma, canke gusobanura mu buryo bwimbitse.

Umuntu azi abana bakiri bato, azi ukuntubakunze kubaza abakuze.

Inzira bakwirikiza iroroshe.

uwukuze arasobanura, umwana agakomeza kubaza ati kubera iki?, yabona inyishu n'ubundi akongera akabaza kuber'iki, kugeza aho uwumusobanurira aheba agahindura ikiganiro.

Ariko abenshi mu bakuze bigeze kwisahura ivyo bibazo vy'abana, barazi ko iyo umaze gusobanura kabiri, bishobora kukugora gutpora inyishu zibere kuriico kibazo kuber'iki?

Ubwirizwa kwiyumvira cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubwenge nkorano bushobora gufasha kurwanya iterabwo

Kwiyumvira cane, n'ubwo atari ibihambaye gusobanurira nk'umwana w'imyaka itatu impamvu ijuru risa n'ubururu, bishobora kugorana mu gihe ari insiguro zishobora gufatoigwako mu gufata ingingo zigira nk'ingaruka ku buzi bw'abantu mw' ishirahamwe, canke gutora ubwenge bwo kumenya nimba umugwi kanaka ushobora gutegura iterabwoba.

Nimba imashini zishobora kwiga ubuhinga bwo kumenya ubuhinga abantu bahsobora gukoresha mu gufata ingingo, zishobora no gusesangura ibimeneytso bashingirako, zigatanga n'ivyiyumviro, ndetse n'inyishu zitomoye.

Gufasha abantu kudatanga ivyiyumviro bihengame bitabavuyeko, ibimenyetso bidafadika, canke inyishu batabanje kwiyumvirako neza, mu gihe bariko bafatira ingingo mu mugwi, bishobora gutuma ikiganiro cabo kigira akamaro.

Ijambo Artificial Intelligence twogereranya n'ubwenge nkorano, ryatanguye gukoreshwa mu myaka ya 1950, aho bavuga ko hasigaye nk' imyaka 20 ngo abashskashatsoi babushikeko. N'ubu ni nkiyo igisigaye, canke mbre inaruta aho.

Hagat'aho, ubuhinga bw'imashini zitanga ivyiyumviro buzofasha kiremwa muntu gufata ingingo.

Ubwo bwenge nkorano ntibuzoba buje kurengera ubwenge ndemanwa, ariko buzokorana n'abantu mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bikomeye.

Bushobora no gufasha guha umwana inyishu ku kibazo ciwe co kumenya kuber'iki ijuru risa n'ubururu.