Ivyegera vy'umukuru w'igihugu wa Zimbabwe vyasubiranyemwo

Bwana Mnangagwa ngo afise amayeri menshi mu vya politike Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Mnangagwa ngo afise amayeri menshi mu vya politike

Mu gihugu ca Zimbabwe ivyegera vy'umukuru w'igihugu vyasubiranyemwo, umwe akagiriza uwundi guhungabanya umutekano w'igihugu "abesha ngo yahawe ishano".

Mw'itangazo rirerire yasohoye, Phelekelezela Mphoko yagirije Emmerson Mnangagwa kuba yarabeshe ngo yahawe ishano mu kwezi kw'umunani.

Bwana Mnangagwa, 75, ari mu bariko bararondera gusubirira Prezida Robert Mugabe, 93.

Bwana Mnangagwa yafashwe n'ingwara giturumbuka mu myiyamamazo Bwana Mugabe yari yajemwo, aca ajanwa n'indege kuvurigwa muri Afrika Yepfo.

Mu mpera y'indwi iheze, yavuze ko hari umuntu yashatse kumuha ishano mu ndya.

Abamushigikiye bavuze ko vyoba vyakozwe n'abo mu mugwi wa Zanu-PF batumvikana.

Bwana Mnangagwa n'umutambukanyi wa Prezida Grace Mugabe, 52, nibo barongoye imigwi ihanganye mu mugambwe.

Iryo tangazo rya Bwana Mphoko atanganya ijunja na Bwana Mnangagwa na Madamu Mugabe, ni ikimenyetso ko uruhagarara rusigaye rugoye kunyegeza.

Bwana Mphoko, 73, yavuze ko abaganga babwiye Prezida ko indya zononekaye- si ishano - ari zo zatumye Bwana Mnangagwa agwara.

Bwana Mnangagwa ntaco aravyishurako.