Kenya: IEBC ntishigikiye ihindura ry'amategeko y'amatora

Dr Roseline Akombe ari mu bagize akanama kajejwe amatora IEBC muri Kenya
Image caption Dr Roseline Akombe ari mu bagize akanama kajejwe amatora IEBC muri Kenya

Akanama kajejwe amatora mu gihugu ca Kenya, IEBC, kavuze ko katashigikiye umuntu canke umugwi woba wipfuza guhindura muri kino gihe amategeko agenga amatora gasigura ko koburagizwa mu kazi kawo.

Mu kiganiro yahaye BBC, umukozi wa IEBC Dr Roseline Akombe yavuze kw'amategeko mashasha y'amatora urunani Jubilee rutegura, yoba aje kubasubiza inyuma na cane cane mu bikogwa vyo gutegura abakozi.

Avuga ko IEBC iri mu bikogwa vya nyuma vyo kumenyereza abazohagarira amatora, ko batokwemera uwo wese yoba aje kubatanguza bishasha.

"Guhindura amategeko amatora yegereje bituma udatunganya amatora yemegwa na bose. Twarahejeje gutegura ivyigwa vy'ikarishabwenge bisigura ko mu gihe hoba amategeko ahindugwa agatuma iryo karishabwenge risubirwamwo,twosanga dufise imigwi y'abantu batigishijwe kumwe."

Uwo mukenyezi ashikirije ayo majambo mu gihe urunani NASA rwa Raila Odinga rumaze imisi ruvuga ko rutazitaba amatora, mu gihe amategeko y'amatora yoba ahinduwe.

Dogiteri Akombe yijeje avuga ko bagiranye ibiganiro vyubaka na NASA ko yizeye ko Raila Odinga azitaba amatora.

Ku rundi ruhande, abahanganywe na NASA mu kibanza c'umukuru w'igihugu bo mu runani Jubilee rwa Uhuru Kenyatta, bamenyesheje ko badashobora guhagarika uwo mugambi, naho amakungu biciye ku bayaserukira muri Kenya bavyiyamirije.