Inzoga itemewe n'amategeko yishe 9 muri Tanzaniya

Ubutegetsi bwa Kenya bumaze igihe bugwanya inzoga zitemewe n'amategeko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubutegetsi bwa Kenya bumaze igihe bugwanya inzoga zitemewe n'amategeko

Niburiburi abantu 9 bapfuye abandi benshi bajanwa mu bitaro inyuma yaho banywereye inzoga itemewe n'amategeko i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.

Ubutegetsi bwemeza ko iyo nzoga yarimwo ubumara bwitwa 'GV' canke "Gentian violet", umuti ukoreshwa ku mubiri watewe n'imigera, bukavuga ko aribwo bwoba bwatumye bapfa.

Mu gihe inzoga yo mu kibano ikogwa hakoreshejwe imbuto, intete canke imboga, hari abandi bongeramwo ubumara bwica kugira ngo ikare, ihurumbigwe n'abakiriya.

Nta muntu numwe yafashwe ku bijanye n'ivyabaye.

Iyo nzoga bita "gongo" inyobwa kurusha izindi nzoga kubera ko izimbutse uyigereranije n'izindi.

Ubutegetsi ntiburashobora kubuza iyo nzoga, bikavugwa ko bamwe mu bategetsi bari mu bayinywa, abandi bakaba mu bayikoreramwo ivyashara.