Kazuo Ishiguro yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel

Kazuo Ishiguro Uwufise ububasha kw’isanamu EPA/FABER AND FABER
Image caption Kazuo Ishiguro yashimye ngo ko yageze ikirenge mu co abanditsi bakomeye

Kazuo Ishiguro yashimwe n'ikigo citiriwe Nobel kuko ngo ari umwanditsi, yandika ibintu bifata ku mitima ya benshi, ahabwa agashimwe.

Ibizwi cane mu vyo yanditse ni 'The Remains of the Day' na 'Never Leta Me Go', ibitabo vyakinywemwo filimi zakunzwe cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu REX/SHUTTERSTOCK
Image caption Remains of the Day ni kimwe mu bitabo vya Kazuo Ishiguro vyahinduwe filimi

Yanaronse n'agashimwe ko gushimira abantu bakoze neza mu Bwongereza OBE mu 1995.

Amaze kwandika ibitabo umunani vyahinduwe mu ndimi zigera ku 40.

Igihe BBC yamuhamagara imushaka ko ikiganiro, yavuze ko atari bwamenye ko yatsinze kuko abatanga ako gashimwe batari bwamumenyeshe, ngo yibaza ko ari ikinyoma.

Uyu mugabo w'imyaka 62 yize kuri kaminuza ya Kent mu Bwongereza, imbere yo kuronka impamyabushobozi yo ku rwego rwa Maitrise muri kaminuza ya East Anglia mu guhinyanyura uburyo bwo kwandika, 'creative writing'.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bimwe mu bitabo vya Kazuo Ishiguro

Ubushakashatsi bwiwe bwo kurangiza amashure 'These' yabukoze mu kwandika igitabo 'A Pale View of Hills', casohotse mu 1982.

Kazuo Ishiguro, yavuze ko yashimye kano gashimwe kitiriwe Nobel.

Avuga ko kaje mu gihe isi iri mu bihe bitoroshe, akifuza ko kazomufasha kugira ico aterereye kija kwubaka ibihe vyiza gusumba ivyo irimwo kino gihe.