$10,000,000 ku wotanga amakuru yokuza Trump ku butegetsi

Larry Flynt mu 2003.
Image caption Larry Flynt, yari ashigikiye Hillary Clinton aho yiyamamariza kuba umukuru w'igihugu

Umwanditsi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yandika inkuru z'abakuze canke pornography, yatangaje agahembo ku wozana amakuru yokuza ku butegetsi Trump.

Ako gahembo ni ak'imiriyoni cumi z'amadolari ya Amerika, azohabwa uwo wewe azozana amakuru ashobora gutuma Donald Trump akurwa mu mabanga yo gutwara Amerika.

Larry Flynt, nyene ikinyamakuru Hustler, yavuze ko gukura bwana Trump ku butegetsi imbere y'uko amazi arenga inkombe ari igikorwa ca buri Munyamerika wese.

Itangazo rivyamamaza ritanga nimero ya telefone hamwe na email yo kurungikaho ayo makuru.

Bwana Flynt, yashigikiye cane Hillary Clinton igihe yiyamamariza kuba umukuru w'igihugu, yari amaze gusohora amatangazo nk'ato ariko ntiyari bwemere gutanga amahera angana uko.