Abashigikiye ukwikukira kwa Catalogne 2 bapfungiwe muri Espagne

Jordi Cuixart (L), leader of Omnium Cultural, and Jordi Sanchez of the Catalan National Assembly (ANC), arrive to the High Court in Madrid, Spain, October 16, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jordi Cuixart (i bubamfu) na Jordi Sánchez (i buryo) bitavye sentare i Madrid ku wa mbere

Umucamanza wo muri Espagne yapfunze abategetsi babiri bakomeye bashigikiye ukwikukira kw'intara ya Catalogne.

Jordi Sánchez na Jordi Cuixart, bari mu mugwi w'abashigikiye ukwiyonkora, bari bamaze imisi barahagaritswe badafise uburenganzira bwo kurekurwa batanze ingwati, mu gihe bari bakigirwako amatohoza.

Ipfungwa ryabo ryatuye haba imyiyerekano mw'ijoro, mu gihe hitezwe iyindi irenze urugero kuri uyu wa kabiri.

Abo bagabo ni bo bari barongoye abandi mu matora yo kw'itariki ya mbere ukwezi kwa cumi yo kwikukira, Espagne ivuga ko atakurikije amategeko.

Sánchez, arongoye Catalan National Assembly (ANC), umuhari ushigikiye ukwikukira kwa Catalogne na Cuixart, arongoye Omnium Cultural, bitavye sentare nkuru i Madrid ku musi wa mbere.

Espagne yafashe minenegwe ingingo y'umukuru wa Catalogne yo kwikukira

Bariko barabazwa ku myiyerekano yabaye itariki 20 z'ukwezi kw'icenda, aho isinzi ry'abantu ryugaraniye abajejwe umutekano mu nzu i Barcelone ku mugwa mukuru w'intara ya Catalogne.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Isinzi ry'abantu bashigikiye ukwikukira i Barcelone bariko barumviriza ijambo rya Carles Puigdemont

Kubera iyo kamarampaka, uwurongoye Catalogne Carles Puigdemont yarashize umukono kw'itegeko ribaha ubwigenge, ariko ahagarika ishirwa mu ngiro ryaryo kugira habe ibiganiro.

Prezida wa Catalogne yananiwe kwemeza ko bikukiye

Yasavye ko hoba ibiganiro mu mezi abiri ari imbere.

Ariko reta ya Espagne yaragabishije ko Catalogne idahagaritse ukwiyonkora ishobora guca yakwa n'ubwigenge yahora, itwarigwe i Madrid.