Afrika y'epfo: Amatohoza ku biturire mu nama nshingamateka

Bivugwa ko umuryango utunze cane wa Gupta ufise ijambo rikomeye muri reta Uwufise ububasha kw’isanamu GALLO IMAGES
Image caption Bivugwa ko umuryango utunze cane wa Gupta ufise ijambo rikomeye muri reta

Inama nshingamateka ya Afrika y'epfo yatanguje amatohoza yerekeye igiturire cinshi kivugwa muri reta.

Abavugwa muri ico giturire n'abategetsi bakuru vyitezwe ko bitaba inama nshingamateka kugira bavuge ivyo bazi.

Iki gihe ntikigiye kworohera abantu bakomakomeye mu gihugu ca Afrika y'epfo.

Vyitezwe ko abashikiranganji, abagwizatunga, umwana wa prezida hamwe n'ivyabona bahamagarwa imbere y'abashingamateka bariko barakurikira ikibazo c'ibiturirw muri Afrika y'epfo.

Zuma yasokoye mu rubanza aregwamwo igiturire

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/getty
Image caption Inama nshingamateka yatanguje amatohoza ku biturere muri Afrika y'epfo.

Binuganugwa ko umuryango umwe w'umugwizatunga Gupta, ariko yahora ifise ico ivuga kubahabwa ibibanza bikomeye muri reta, kugira baze baratsindira vyoroshe amasoko ya reta.

Umuhungu wa Perezida Jacob Zuma yahakanye ibirego bya ruswa

Uwo muryango wa Gupta urahakana wivuye inyuma ivyo wagirizwa co kimwe na somambike wawo prezida Jacob Zuma.

Mu gihe hariko hararonderwa uwuzosubirira prezida Zuma mu kibanza ca prezida, aya matohoza ashobora kugira inkurikizi zikomeye.