Umumenyeshamakuru azwi cane yiciwe mu mazinga ya Malte

Malta Uwufise ububasha kw’isanamu linkedin
Image caption Daphne Caruana Galizia, umumenyeshamakuru akora amatohoza yiciwe mu gitero ca bombe.

Umumenyeshamakuru rurangiranwa yandika ku matohoza mu mazinga ya Malte yahitanywe n'igitero ca bombe yatezwe mu modoka yiwe igihe yariko araja mu buraruko bw'iryo zinga.

Daphne Caruana Galizia yahora akoresha urubuga rwiwe mukwandika inkuru zijanye n'ibivugwa ku biturire biribwa n'abanyepolitike bakomeye muri ayo mazinga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ahaturikiye iyo bombe

Akiriho yahora anebagura umushikiranganji wa mbere Joseph Muscat n'umupfasoni wiwe ko bakoresha amakonte yo mw'ibanga kugira banyegeze amahera bahabwa n'ubutegetsi bwa Azerbaija, ivyo umushikiranganji wa mbere ahakana.

Muscat yavuze ko urupfu rwiwe ari igikorwa kibi cane kitari bwigere gishika muri ayo mazinga, aca aniyemeza ko azokora uko ashoboye kugira abamwishe imbere y'ubutungane.