Abapfasoni batunze cane mu 2017

Alice Walton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alice Walton ni we mupfasoni wa mbere atunze cane kw'isi

Umufaransakazi Liliane Bettencourt w'imyaka 94 yari afise amaduka y'ibintu vyo kwisiga LOreal, ni we mupfasoni wa mbere yari atunze cane kw'isi na miriyaridi 39.5$. Iryo tunga yaramaze kuriraga.

Uwo mupfasoni ariko yaritavye Imana mu kwezi guheze. None ubu ni nde mupfasoni atunze cane kw'isi?

Ico kibanza kirimwo Alice Walton, afise ubutunzi buharurwa mu miriyaridi 33.8$, akaba amaze kwunguka imiriyaridi 1.5$ kuva mu mwaka uheze. Ku rutonde rusangi rw'abatunzi bakomeye rwa Forbes rwashizwe ahabona muri uyu mwaka, ari mu kibanza ca 17.

Walton, umwana w'ikinege w'uwatanguje amaduka ya Wal-Mart Sam Walton, ni we mupfasoni wa mbere atunze muri Amerika

Ubutunzi bwiwe buva mu migabane afise muri Wal-Mart hamwe n'amahera akura mu nyungu inyuma yo kugabura n'abandi.

Ni umwe mu bapfasoni bane bo mu muryango wa Walton bari ku rutonde rw'abapfasoni batunze cane kw'isi, bose hamwe bakaba bafise ubutunzi bushika ku miriyaridi 49.5$.

Abo ko ari bane ni Christy Walton, umupfakazi wa mwenewabo John, na bavyarawe Anne Walter Kroenke na Nancy Walton Laurie.

Image caption Isabel dos Santos wo muri Angoka ni we mupfasoni wa mbere atunze cane ku mugabane wa Afrika

Jacqueline Mars afise imiriyaridi 27$, sekuru wiwe Frank Mars ni we yatanguje ikompanyi y'ipipi zitwa Mars Inc ni we mupfasoni agira gatatu mu butunzi kw'isi.

Mari Franca Fissolo ni we amukurikira na miriyaridi 25.2$.

Umugabo wiwe umuhisi Michel Ferrero ni we yatanguje ikompanyi ya Ferrero Group.

Iyo kompanyi ikaba ikora Ferrero Rocher, Kinder Chocolate hamwe na Tic Tacs.

Ni na yo kandi ikora Nutella.

Isabella Dos Santos umukobwa w'uwahoze ari prezida wa Angola, ni we akiri uwa mbere mu butunzi ku mugabane wa Afrika, n'ubutunzi bungana n'imiriyaridi 3.1$.

Umupfakazi wa Steve Jobs

Umupfakazi wa Steve Jobs, Laurene Powell Jobs, afise ubutunzi bwa miriyaridi 20$ kubera imigabane afise muri kompanyi ya Apple na Disney, ari mu kibanza ca gatanu ku rutonde rw'abapfasoni batunze cane.

Benshi mu bapfasoni batunze cane kw'isi, biba ari ibisigi vy'abagabo babo nk'uko bivugwa na Forbes.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umupfakazi wa Steve Jobs, Laurene Powell Jobs
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Liliane Bettencourt ni we mupfasoni yari atunze cane kw'isi nk'uko bivugwa na Forbes

Ariko kandi hariho abadandaza 15b'abapfasoni batunze batarinze gutorana, cane cane muri Asia.

Umwe ni Nguyen Thi Phuong Thao wo muri Vietnam afise ikompanyi ya y'indege ya VietJet.

Amerika ifise abagore benshi batunze kw'isi, ifise abagera ku 74.

Ubudagi n'Ubushinwa ni vyo bihugu bikurikira, bikaba bifise 28 na 23.

Abapfasoni batumze cane mu 2017

1. Alice Walton - $33.8bn

Ubutunzi bwavuye muri : Wal-Mart

2. Jacqueline Mars - $27bn

Ubutunzi bwavuye muri : Pipi

3. Maria Franca Fissolo - $25.2bn

Ubutunzi bwavuye muri shokora

4. Susanne Klatten - $20.4bn

Ubutunzi bwavuye muri : BMW n'imiti

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

5. Laurene Powell Jobs - $20bn

Ubutunzi bwavuye muri Apple, Disney

6. Gina Ronehart - $15bn

Ubutunzi bwavuye mu kwimba amabuye y'agaciro

7. Abigail Johnson - $14.4bn

Ubutunzi bwavuye mu kwubika no kugurana amafaranga

8. Iris Fontbona - $13.7bn

Ubutunzi bwavuye mu kwimba amabuye y'agaciro

9. Beate Hesiter - $13.6bn

Ubutunzi bwavuye mu maduka aranguza ibintu

10. Charlene de Carvalho-Heineken - $12.6bn

Ubutunzi bwavuye muri Heineken

11. Blair Parry-Okeden - $12.2bn

Ubutunzi bwavuye mu nzu zimenyesha amakuru

12. Massimiliana Landini Aleotti - $9.5bn

Ubutunzi bwavuye mu miti

13. Yang Huiyan - $9bn

Ubutunzi bwavuye mu kugurisha amazu n'ubutaka

14. Katharine Rayner - $8.1bn

Ubutunzi bwavuye mu nzu zimenyesha amakuru

15. Margaretta Taylor- $8.1bn

Ubutunzi bwavuye mu nzu zimenyesha amakuru

16. Zhou Qunfei: - $7.4bn

Ubutunzi bwavuye mu biyo vy'amaterefone agezweho

17. Pauline MacmMillan Keinath - $6.8bn

Ubutunzi bwavuye muri Cargill

18. Sandra Ortega Mera - $6.7bn

Ubutunzi bwavuye muri : Zara

19. Carrie Perrodo - $6.3bn

Ubutunzi bwavuye mu gitoro