Sentare muri Kenya yahagaritse ingingo ibuza imyiyerekano

Imyigaragambyo muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Sentare ya Kenya yahagaritse ingingo leta yafashe mu mpera z'indwi iheze ibuza imyiyerekano mu bisagara vya Nairobi, Mombasa na Kisumu.

Iyo ngingo ya sentare isohowe mu gihe imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ihurikiye mu runani NASA iza yamenyesheje kwihagaritse imyiyerekano muri ino ndwi, ngo abayoboke bayo bashobore kwifatanya n'imiryango imaze kugirira ivyago mu myiyerekano iheruka.

Sentare yasavye kw'iyo ngingo ya leta yoba irahagarikwa ngo yihe akanya ko kwumviriza urubanza rwashingishijwe n'urunani NASA rwo kuyiyamiriza.

Igihe umushikiranganji w'umutekano Fred Matiangi yafata iyo ngingo ku musi wa kane w'indwi iheze, yasigura kw'imyiyerekano ya NASA ihagarika ubuzima bw'abanyagihugu, igahungabanya umutekano,ikongera ikonona vyinshi.

Inyuma yaho isohorewe, NASA yarabandanije imyiyerekano isigura ko atariyo ijejwe umutekano w'abanyagihugu n'amatungo yabo, ibintu bikaba vyayangaye ku wa gatanu no ku wa mbere aho abantu bane bishwe n'igipolisi i Kisumu, abandi barakomereka i Nairobi na Mombasa.

Ivyo vyatumye NASA ihagarika imyiyerekano yari yategekanije ino ndwi, ngw'abayoboke bashobore kugarukira ku miryango yahagiriye ivyago.

Kizigenza wayo Raila Odinga akaba yavuze ko azomenyesha igihe bazosubira mu mabarabara ku musi wa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption NASA yavuze ko idashobora guhagarika imyiyerekano

NASA yavuze ko idashobora guhagarika imyiyerekano canke ngo yitabe amatora yimirije, kiretse akanama gashinzwe amatora - IEBC - kahinduye bimwe mu vyatumye aya mbere agenda nabi,isaba nuko bamwe mu bakozi babigizemwo uruhara bohagarikwa.

Ivuga ko atakirahinduka ndetse ivyo bikaba vyatumye kizigenza wayo Raila Odinga amenyesha ko atazitaba amatora ya kabiri ategekanywa itariki 26 za kuno kwezi.

Abo bahanganye bo mu runani Jubilee biciye ku cegera c'umukuru w'igihugu William Ruto mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru bavuga ko amatora ategerezwa kuba vyanse bikunze.

Ariko sentare ntahinyuzwa ari nayo yagize impfagusa amatora ya mbere, ikaba yasohoye uno musi ingingo ibuza uwurongoye IEBC Wafula Chebukati kugira ico yohindura canke yongerako ku vyegeranyo bizoba bivuye mu bibanza vy'amatora.

Naho biruko IEBC ivuga ko hari ibidashobora guhindugwa nkuko NASA ivyipfuza, hano igatanga akarorero k'amashirahamwe bakoranye mu vy'itumanako hamwe no gusohora amakarata y'amatora, isigura ko bafitaniye amasezerano y'igihe kirekire ko bitokworoha kuyahagarika.

Ivyo biri mu vyatumye amwe mu mashirahamwe aharanira intwaro rusangi yitwarira IEBC, asigura kwako kanama ata bubasha gafise bwo gutunganya amatora mashasha ngo mu gihe hari ivyo kasabwe guhindura katakoze.