Umugera wa Marburg wasubiye kuvugwa muri Uganda

Indwara ya Marburg imeze nka Ebola, ikaba yaheruka muri Uganda haciye imyaka itatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indwara ya Marburg imeze nka Ebola, ikaba yaheruka muri Uganda haciye imyaka itatu

Abajejwe intwaro muri Uganda batangaza ko umugera wa Marburg, indwara itera kuvirirana gukomeye nka Ebola, yagaragaye muri ico gihugu.

Umurwayi yanduye iyo ndwara yabonetse mu karere ka Kween mu buseruko bwa Uganda.

Abahinga mu vy'amagara muri ico gihugu bagabishije abantu kurabo aboba bafise ibinyetso vyo kuvirirana, kudahwa canke kuruka amaraso, umuriro mwinshi, kuribwa umutwe no kubaba mu mubiri.

Uganda yaheruka kugaragaramwo ikiza ca Marburg mu myaka itatu iheze.

Soma izindi nkuru kuri Uganda: