Umupasitori yabuye urupfu rwa Mugabe yavuze ko Imana yisubiyeko

Umupasitori avuga ko Imana yisubiyeko, Prezida Mugabe abandanya kwiberaho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umupasitori avuga ko Imana yisubiyeko, Prezida Mugabe abandanya kwiberaho

Umupasitori yavuze ko yeretswe ko Prezida Robert Mugabe yopfuye ku wa kabiri itariki 17 ukwezi kw'icumi yavuze ko Imana yahinduye iciyumviro.

Ikinyamakuru Times Live candika ko Pasitori Phillip Muguzada yavuze ati: "Ku bijanye n'igituma Imana yigije urwo rupfu inyuma, ntiyigeze ibimbwira, kuko sinzi igituma Imana yafashe iyo nzira.

"Ndazi ko hari abantu benshi bari biteze kubona ko ivyo neretswe biba, kubera ibiba muri kino gihugu."

Iyo nkuru niyo ivugwa cane ku mbuga hwaniro muri Afrika y'epfo.

Sentare ntimworoheye

Uwo mu pasitori ariko aragerageza ngo sentare imukureko ivyaha bijanye nuko yabuye urupfyu rwa ko Prezida Robert Mugabe w'imyaka 93

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Mugabe w'imyaka 93, niwe mukuru w'igihugu akuze kurusha abandi bose kw'isi

Urwo rubanza rugiye gusubira muri sentare y'intango aho Pasitori Muguzada, arongoye ishengero Remnant Church, yagirijwe "kugaba ibitero vy'amajambo ku bantu bo mu bwoko canke idini canke gukora ivyaha vyonona ubuzima bw'umuntu".

Igihe yafatwa uwumwunganira mu rubanza Gift Mtisi yabwiye BBC ati: "Aremera ivyo yabuye. Avuga ko atabesha - ubwo ni ubutumwa bw'Imana. Igipolisi nico kizohinyuza ko Imana itabivuze."

Abunganira Pasitori Muguzada basavye sentare y'imanza zijanye n'ibwirizwa shingiro kumuhanaguko ivyaha basigura ko biteye kubiri n'uburenganzira bwiwe bwo guserura iciyumviro.