Iraki mu ngwano n'aba Curdes bagwanira ikiraro gikomeye

Igisirikare ca Irak giherutse kwigarurira amahinguriro y'ibitoro inyuma y'aho aba Peshmarga bakuriye meza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igisirikare ca Irak giherutse kwigarurira amahinguriro y'ibitoro inyuma y'aho aba Peshmarga bakuriye meza

Igisoda ca Iraki catanye mu mitwe n'abagwanyi b'aba Curdes mu buraruko bw'igihugu umugwi umwumwe wipfuza kwigarurira agace karimwo ikiraro gikomeye hafi y'igisagara ca Kirkuk.

Abo bagwanyi b'aba Curdes bagirije igisirikare ca Iraki hamwe n'abagwanyi b'aba Shia bakorana ko aribo batanguje ingwano.

Ubutegetsi buvuga ko bwagiye muriyo ngwano kugira ngo busubize ibintu mu buryo muri ako gace.

Mu ntango y'ino ndwi, igisirikare caragavye ibitero cigarurira uduce tunini two mu buraruko bwa Iraki twahora tugenzugwa n'abagwanyi b'aba Curdes.