Umukozi wa IEBC yafashe ikonje izotuma ataja mu matora ya Kenya

Ezra Chiloba aheruka kubwira BBC ko atazotanga imihoho Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ezra Chiloba aheruka kubwira BBC ko atazotanga imihoho

Umwe mu bakozi bakuru b'akanama kajejwe amatora muri Kenya, IEB, yavuze ko afashe ikonje, kuri ivyo akaba atazoja mu bafasha mu matora ya kabiri y'umukuru w'igihugu ategekanywa ku munsi wa kane.

Umuyobozi nshingwabikogwa Ezra Chiloba, yafashe iyo ngingo kugira ngo aje ku ruhande munyuma ashobore gufasha kugarura icizere mu binuvye umugwi IEBC kubera bamwe mu bakozi bawo, niko ikinyamakuru Daily Nation cavuze.

Bwana Chiloba amaze iminsi ashigwa mu majwi na cane cane n'abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, ivuga ko acuditse n'umugambwe uri ku butegetsi Jubilee, bamwidogera ko yatovye amatora yo mu kwezi kw'umunani.

Urunani NASA rumaze igihe rumusaba gutanga imihoho, imbere yuko amatora ya kabiri atunganywa.

Bavuga ko Bwana Chiloba akwiye kubazwa "ibitakurikije amategeko hamwe n'ibitagenze neza" sentare ntahinyuzwa yasanze mu matora y'itariki 8 Ukwezi kwa 8.

Bwana Chiloba yasiguriye BBC ko adashobora gutanga imihoho, bitewe nuko sentare yasanze ata mukozi numwe wa IEBC yagigwa n'amakosa.

Mu kiganiro uwurongoye IEBC, Wafula Chebukati, yatanze, yavuze ko hari abakozi ba IEBC bafatiye amaboko i mugongo ako kanama kajejwe amatora, asaba ko botanga imihoho.

Bwana Chebukati yashikirije ayo majambo haheze amasaha umwe mu bakozi bakuru ba IEBC, Dr Roselyn Akombe amenyesheje ko yatanze imihoho kubera imvo z'umutekano n'imikorere mibi ya IEBC.