Lupita Nyongo avuga ko Weinstein yamuhohoteye vy'igitsina

Lupita Nyong'o ari mu bakinyi rurangiranwa b'isinema, aturuka muri Kenya, akaba umukobwa wa Anyang Nyong'o, bulamatari w'intara ya Kisumu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lupita Nyong'o ari mu bakinyi rurangiranwa b'isinema, aturuka muri Kenya, akaba umukobwa wa Anyang Nyong'o, bulamatari w'intara ya Kisumu

Umukinyi w'isinema yigeze gutsindira agashimwe ka Oscar, Lupita Nyong'o, avuga ko yahohotewe bishingiye ku gitsina n'uwamufasha mw'uwo mwuga, rurangiranwa w'i Hollywood, Harvey Weinstein.

Mu vyo yashikirije ikinyamakuru New York Times, avuga ko ivyahishuwe kuri Bwana Weinstein ku bijanye n'abagore yakoreye ibiterasoni vy'igitsina, vyatumye atoreka gushikiriza ivyamushikiye.

"Numva meze nk'uwugwaye mu nda. Numvise mfise ishavu rinini mu gihe ivyambayeko bitashikiye jewe gusa."

Inyuma yo guhura n'uwo mugabo mw'isabukuru y'isinema yabera Berlin ari umunyeshuli, yaramutumiye mu rugo iwe i Connecticut ngo barabe isinema hamwe n'abana biwe. Imbere yuko iyo sinema itangura, yagerageje kumunywesha inzoga yo mu bwoko bwa "vodka" ariko aranka.

Haheze umwanya muto iyo sinema itanguye, amubwira ko hari ikintu yipfuza kumwereka aca amutwara mu cumba ciwe amubwira ko hari ubutumwa ashaka kumushikiriza.

"Ubwa mbere nibaza ko ariko arafyina. Ntiyafyina. Kuva igihe ndamubona ubwa mbere, numva ntatekaniwe. Naragize ubwoba munyuma mbona ko vyiza nomureka: Vyatuma nshobora kwicunga no gukurikira aho ajanye amaboko yiwe ico gihe cose."

Munyuma yashatse gukura ikareso, nawe amubwira kw'ivyo vyotuma atiyumva neza, atumbera umuryango, aragenda.

Haheze amezi make, yaramutumiye ngo baje kuraba isinema i New York, arondera ngo bajane mu kibanza barya, bakongera bakanyweramwo (restaurant).

Harvey yarashitse hanyuma umufasha wiwe aca aranyika...Imbere yuko indya batanga ubwa mbere zishika, yamubwiye ati: "Reka nduge kw'ijambo. Ndafise icumba niharije hejuru aho dushobora kubandanya dufungurira."

"Vyarantangaje. Ndamubwira ko nipfuza kurira muri "restaurant". Yambwiye ngo simpendwe. Mu gihe naba nipfuza kuba umukinyi w'isinema, nategerezwa kugira ibintu nka mwenivyo. Yambwiye ko amaze kugendana n'abakinyi bakomeye cane X na Y ati raba aho vyabashikanye."

Igihe amwankiye, uwo mugabo yaciye ahindura inyifato, niko avuga. Bahavuye bagenda batariye.

Uwo mugabo yagize ati: "Erega hano turahejeje, ushatse wokwigira."

Uwo mwigeme Nyong'o yahejeje avuga ati: "Mvuze ivyambayeko ngo mfashe kurangiza ingene niyugaraniye mu gacerere."