Abagirizwa kunywa amaraso muri Malawi bariko baricwa

Abanywa amaraso y'abantu muri Malawi ngo baba barondera ubutunzi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanywa amararo y'abantu muri Malawi ngo baba barondera ubutunzi

Igipolisi muri Malawi kimaze gufata abantu barenga ijana na mirongo ine, mu bijanye n'ibitero bigabwa ku bantu bagirizwa kunywa amaraso y'abandi.

Abantu bashika umunani baramaze kwicwa mu ndwi nkeyi ziheze bagirijwe kunywa amaraso y'abantu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarakuye abakozi baryo mu bice bimwe vy'igihugu kubera imvo z'umutekano.

Vyibazwa ko hari abakoresha amaraso y'abantu mu bikorwa vy'ubupfumu kugira baronke ubutunzi.

Ico gihuha bivugwa ko catanguriye mu gihugu kibanyi ca Mozambique, gikwiragira mu bice vyinshi vya Malawi.

Soma andi makuru kuri Malawi: