Abatohoza kw'ikubagura mu Rwanda baciriye akazi hagati

Abakozi ba ONU ngo ntibemerewe gushika ahapfungirwa abantu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakozi ba ONU ngo ntibemerewe gushika ahapfungirwa abantu

Ikigo ca ONU kirwanya kuboreza igufa kivuga ko cahagaritse urugendo carimwo mu Rwanda kubera ico cise urukurikirane rw'inzitizi zatewe n'abajejwe intwaro.

ONU ivuga ko izo nzitizi zirimwo amananiza yo gushika mu bibanza bipfungirwamwo abantu.

Ngo hari kandi impungenge ku bijanye n'ibanga ku vyo ico kigo kiganira n'abagiha amakuru, hamwe n'ubwoba bw'uko abavuganye naco bashobora guhura n'inkurikizi mbi.

Bubaye ubugira gatatu gusa mu kiringo c'imyaka cumi, urwego rwa ONU rurwanya kuboreza igufa ruhagarika igikorwa.

Ibi abajejwe intwaro mu Rwanda ntaco baciye babivugako.

Ivyagiriji vya HRW

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryaheruka gusohora icegeranyo kivuga ko abajejwe umutekano mu Rwanda bapfunga abantu mu buryo buteye kubiri n'amategeko bakanabakubagura.

Abanyepolitike bo mu Rwanda ariko bariyamirije bivuye inyuma ico cegeranyo, baca bavuga ko ahubwo Human Rights Watch ikwiye kwirukanwa mu Rwanda.