Catalogne: Abategetsi 'ntibazokurikiza amategeko' avuye i Madrid

Isinzi ry'abantu bashigikiye ukwikukira i Barcelone bariko barumviriza ijambo rya Carles Puigdemont Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Isinzi ry'abantu bashigikiye ukwikukira i Barcelone bariko barumviriza ijambo rya Carles Puigdemont

Abategetsi ba Catalogne ntibazokurikiza amategeko avuye muri reta ya Espagne mu gihe bofata ingingo yo gutegeka iyo ntara, nk'uko bivugwa n'umwe mu bategetsi bakuru.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire Raul Romeva yabwiye BBC ko reta ya Madrid iriko irarenga kw'ishaka ry'abanyagihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Espagne Mariano Rajoy yarashikirije umugambo wo gukura reta y'ako karere, anagabanye bumwe mu burenganzira bw'inama nshingamateka.

Intara ya Catalogne igiye gutangaza ko yikukiye

Catalogne mu matora ya kamarampaka, aherekejwe n'uruhagarara

Imigambwe yipfuza ukwikukira ya Catalogne iravugana imigambi yofata uyu musi.

Vyitezwe ko inama nshingamateka ya Espagne yemeza ingingo za reta zafashwe ku musi wa gatanu, harimwo no gutunganya amatora y'uturere mashasha.