Bangladesh ihaye indaro abarohingya bababa umuliyoni

Aba Rohingya babarirwa mu bihumbi, biganjemo abagore n'abana, bamaze guhungira muri Bangladesh guhera ku wa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aba Rohingya babarirwa mu bihumbi, biganjemo abagore n'abana, bamaze guhungira muri Bangladesh guhera ku wa gatanu

Mu nama ya Onu iriko irabera i Geneve, igihugu ca Bangladesh cavuze ko ubu gihaye indaro impunzi z'abarohingya bababa umuliyoni, bahunze intambara zibera i Myanmar.

Onu iriko iragirisha inama idasanzwe yo kwegeranya imfashanyo zigenewe izo mpunzi.

Ivuga ko ari ikibazo c'impunzi cihutirwa, Onu yavuze ko hakenewe amahera arenga imiliyoni amajana ane z'amadolari ari yo akenewe kugira haboneke amazi meza, amahema hamwe n'ibifungurwa gushika mu mpera z'ukwezi kwa kabiri.

Onu: Myanmar ifise umugambi wo kwomora inkehwa z'aba Rohingya

Abana b'aba Rohingya batandukanye n'imiryango

Hagati aho,abandi barohingya ibihumbi n'ibihumbi babandanya bajabuka urubibe buri musi bahunga ibikorwa vya gisirikare biriko birabera mu ntara ya Rakhine.