Xi Jinping ni we mutegetsi akomeye cane kuva ku ntwaro ya Mao

Chinese President Xi Jinping raises his hand as he takes a vote at the closing session of the 19th National Congress of the Communist Party of China at the Great Hall of the People, in Beijing, China 24 October 2017. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Xi ari mubatoye ku musi wa kabiri

Umugambwe w'abakominista wagize amatora aho bashize hejuru cane prezida w'ubushinwa Xi Jinping mu kibanza uwatanguje uwo mugambwe Mao Zedong yari arimwo ku butegetsi bwiwe.

Ayo matora yo kwemeza kwandika ivyiyumviro vya Xi Jinping, yabaye igihe bariko barasozera inama y'uwo mugambwe w'abakominista, ikaba ari yo nama ikomeye cane ya politike muri ico gihugu.

Xi yarongereje ubutegetsi bwiwe kuva atanguye kurongora ico gihugu mu 2012.

Trump 'yatengushywe' n'Ubushinwa nyuma y'uko Koreya y'Amajyaruguru igeragereje igisasu

Iyo ngingo yerekana ko abatavuga rumwe na we badashobora kumugwanya batageramiye intwaro ya gikominista.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Iyo nama yitabwe n'intumwa zirenga 2.000 zivuye hirya no hino mu Bushinwa

Iyo nama ya gikominista yatangujwe mu ndwi iheze n'ijambo rya Xi ryamaze amasaha atatu, aho yasigura imigambi yiwe ya politike afitiye abanyagihugu.

Abategetsi bo mu nzego zo hejuru n'ibimenyeshamakuru vya reta batanguye kuvuga ivyerekeye iyo migambi, bavuga ko ari ivyiyumviro vya Jinping ubwiwe, ikimenyetso ko Xi yari yamaze kubishikana mu mugambwe.

Trump arashima akigoro ka Xi Jinping kuri Korea ya ruguru

Abanyeshure bo mu mashure yisumbuye, aba kaminuza hamwe n'abakozi bo mu makompanyi ya reta ubu bagiye kuja hamwe n'abayoboke b'uwo mugambwe bashika ku miliyoni 90, mu gusoma ivyiyumviro vya Xi Jinping.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Isubirwamwo ry'ibwirizwa shingiro ryatumye Xi Jinping (mu bubamfu) aja ku rugero rumwe na Mao Zedong (i buryo)

Intumwa zirenga 20.000 ni zo zitavye iyo nama y'indwi yose yo gutora abakuru b'umugambwe mu ntara, abakuru b'intara hamwe n'abakuru y'amakompanyi ya reta.