Burundi: Abakuru b'abagwanyi ba FPB bari he?

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Gen Maj Jeremie Ntiranyibagira umukuru w'umuhari FPB i bubamfu na Lt Col Edouard Nshimirimana icegera ciwe i buryo

Kuva ku musi wa gatandatu mw'ijoro ntawuzi irengero ry'umukuru w'abagwanyi ba FPB (Force Populaire Burundaise) , Gen Maj Jeremie Ntiranyibagira n'icegera ciwe Lt Col Edouard Nshimirimana nk'uko bimenyeshwa n'uwo muhari.

Umuvugizi w'uwo muhari, Col Adolphe Manirakiza yabwiye BBC ko Gen Maj Ntiranyibagira na Lt Col Nshimirimana bafatiwe mu gihugu ca Tanzania bari mu rugendo rw'akazi bari kumwe n'abandi banywanyi babiri.

Abandi babiri bari kumwe ni Libere Nzeyimana n'umupfasoni azwi kw'izina rya Liberate yaserukira umuhari FPB mu gihugu ca Tanzania.

Ku mbuga ngurukanabumenyi hari inkuru zivuguruzanya, zimwe zemeza ko Tanzania yabashikirije Uburundi, izindi zikabihakana, izindi na zo zikavuga ko boba bahitanywe n'abo bahorana mu muhari FOREBU.

Tanzania ibicishije ku biro vy'umukuru w'igipolisi ajejwe amatohoza y'ivyaha, irarahira ikarengwa ko ata bantu nkabo yigeze ihagarika.

Ku ruhande rw'Uburundi nta co barabivugako.