Thailande iraturira ikiziga c'uwahoze ari umwami wa Thailande Bhumibol Adulyadej

Umwami wa Thailande Bhumibol Adulyadej Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umwami wa Thailande Bhumibol Adulyadej kw'ifoto mu 2012

Abari mu kigandaro mu gihugu ca Thailande bagize urugendo rwo guhimbaza igihe gikomeye c'imisi itanu c'imisi mikuru yo gushingura umwami Bhumibol Adulyadej yitavye Imana mu mwaka uheze.

Uwo mwami yapfuye mu kwezi kwa cumi mu 2016 afise imyaka 88.

Ikiziga ciwe kiraturirwa kuri uyu wa kane ku mugoroba, nk'uko biri mu migenzo y'ubwami, mu birori biza kuba birongowe n'umwana wiwe ari na we samuragwa, umwami Maha Vajiralongkorn.

Imigenzo yo kumushingura yatanguye ku musi wa gatatu mu birori biriko birabera ku kirimba.

Kuri uyu wa kane, wabaye umusi w'akaruhuko, aho amaduka aza kuba yugaye umusi wose canke igice c'umusi.

Uwufise ububasha kw’isanamu RUNGROJ YONGRIT
Image caption Abari mu kigandaro ku musi wa mbere wo gutegura amaziko y'umwami

Kare mu gitondo ku wa kane, ikiziga c'uwo mwami urajanwa mu kibanza kidasanzwe aho kiza guturirwa kivuye ku kirimba hanyuma gice giturirwa.

Abo mu muryango w'ubwami bwa Thailane hamwe n'abanyacubahiro bavuye mu bihugu 40 baraja muri ayo maziko yo guturira ikiziga c'uwo yahoze ari umwami Bhumibol Adulyadej, no mu gihe hitezwe isinzi ry'abantu mu micungararo y'ahaza kubera ico gikorwa.

Ibisigarira vy'umwami bica vyegeranywa hanyuma bijanwe ku kirimba c'umwami ku musi wa gatanu.

Ivyo birori bizoca bibandanya iyindi misi ibiri.