Tanzania yirukanye abaregwa gushigikira ubutinganyi

Tanzania ntiyemera aba gay Uwufise ububasha kw’isanamu NONE
Image caption Tanzania ntiyemera uburenganzira bahuza ibitsina ari abagabo basa canka abagore basa.

Abashingwamanza batatu bo muri Afrika y'epfo bafatiwe muri Tanzania barungitswe iwabo, inyuma yo gufatirwa kimwe n'abandi 13 mw'ihoteri y'i Dar es Salaam.

Abo bantu bari mu nama bivugwa ko yari yahamagawe mu ntumbero yo kwihweza nimba ingingo ya leta ya Tanzania yo guhagarika bumwe mu bufasha bwo kwa muganga.

Mu ntango z'uyu waka, leta yarabujije ibikorwa vyo gutanga ubufasha ku bagwayi ba SIDA, amavuriro amwe amwe.

Ayo mavuriro aregwa ko ariko arafasha gukwiragiza no kwamamaza ibikorwa vy' abahuza ibitsina babisangiye, mu gihe muri ico gihugu bibujiwe n'amategeko.