Ibitero vya Al Shabaab vyatumye abategetsi ba Somalia bikurwa

Somalia yahuye n' ibitero bibiri bikomeye mu ndwi zibiri Uwufise ububasha kw’isanamu AP/Getty
Image caption Umutwe wa Al Shabaab wiyemereye ibitero vyo kuwa gatandatu

Itangazo ryavuye mu biro vy'umushikiranganji wa mbere wa Somalia rimenyesha ko leta yakuye mu mabanga abategetsi babiri, inyuma y'igitero kw'ihoteri yo hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu.

Abakuwe mu mabanga yabo ni umukuru w'igipolisi Abdihakim Dahir Saiid, kimwe n'umuyobozi ajejwe iperereza ku rwego rw'igihugu, Abdillahi Mohamed Sanbalooshe.

Ihoteri Nasa Hablod yatewe ku munsi wa gatandatu, yamaze amasaha yugarijwe n'abo mu mutwe wa Al Shabaab, aho abantu 27 ari bo bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima.

Igipolisi kimenyesha ko batatu mu bari bateye baciye bafatwa, abandi babiri bapfira muri ico gitero.

Hari haheze indwi zibiri Somalia iagbweko igitero kitari bwaboneke, aho abantu barenga 350 bahasize ubuzima.