Intumwa idasanzwe ya Guterres iri mu rugendo mu Burundi

Michel Kafando avuga ko azokwita ku rutare mu gutorera inyishu ingorane z'abarundi
Image caption Michel Kafando avuga ko azokwita ku rutare mu gutorera inyishu ingorane z'abarundi

Intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa Onu mu Burundi, Michel Kafando ariko arabonana n'abategetsi batandukanye mu Burundi.

Michel Kafando yashitse mu gisagara ca Bujumbura ku musi w'Imana mw'ibanga nta ngere.

Gushika ubu yoba amaze kubonana n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Alain Aime Nyamitwe hamwe n'umuhuza w'abarundi, Edouard Nduwimana.

Nta kiramenyekana ku vyavuye muri iyo mibonano.

Michel Kafando yaheruka mu Burundi mu kwezi kwa gatandatu.

Intumwa ya Onu mu Burundi yashitse i Bujumbura

Michel Kafando abaye umukuru mfatakibanza wa Burkina Faso

Urwo rugendo rurangiye ibiro vyiwe vyasohoye itangazo aho bivuga ko yasanze impande zose bavuganye zitumbereye inzira nziza mbere ngo akaba afise icizere c'uko ikibazo kiri mu Burundi gishobora gutora inyishu biciye mu biganiro vyoba vyugururiwe bose mu buryo bwose bushoboka.

Inyuma y'urugendo rwa mbere mu Burundi Kafando yaciye aja Dar es Salaam kubonana na Benjamin Makapa umuhuza mu biganuro vy'abarundi, yongera aja Addis Abeba ku cicaro c'ishirahamwe rya Africa rishigikiye ivyo biganiro.