Abatanzania 2 n'abanye Iran 10 bafatanywe ibiyayuramutwe

Ubwato buzwi kw'izina rya Dhow buraboneka cane ku nkengera za Tanzania
Image caption Ubwato buzwi kw'izina rya Dhow buraboneka cane ku nkengera za Tanzania

Abanye Iran 10 n'abatanzania 2 bagirizwa kwinjiza bidaciye mu mategeko ibiro 100 vy'ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa heroine baciye mw'ibahari ya Indiano, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Citizen co muri Tanzania.

Nk'uko vyandikwa n'ico kinyamakuru, abo bantu 12 bafashwe buriye ubwato buzwi kw'izina rya Dhow bwari butwaye ivyo biyayuramutwe mw'izinga rya Zanzibar ku musi wa kabiri igihe abakozi bajejwe kubigwanya bari kumwe n'abajejwe umutekano bari kw'irondo ryo kurondera ivyo biyayuramutwe.

Sentare yo mu karere ka Kisutu babwiwe ko bafatiwe mu mazi ya Tanzania itariki 25 mu kwezi kwa cumi na rimwe igihe bariko barinjiza mu mpisho ibiro 111.2 vya heroine ivanze n'urumogi.

Umucamanza yamiriye kure icipfuzo c'uko borekurwa batanze ingwati.

Ico kinyamakuru kivuga ko ari ibiyovyabwenge vyinshi bifashwe kuva hashinzwe urwego rwo kubirwanya mu kwezi kwa kane.

Umukuru w'urwo rwego rujejwe kurwanya ibiyayuramutwe yabwiye ico kinyamakuru ko vyari biri muri ubwo bwato .