Abatwa bubakana hagati yabo ngo kuko andi moko abinuba
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Abatwa bubakana hagati yabo ngo kuko andi moko abinuba

Muri rwa rukurikirane rw'ibiganiro ku buzima bw'Abatwa, nyuma yo kuganira n'abo mu Rwanda, turabashikiriza uko vyifashe mu Burundi.

Twahereye mu Vyegwa vya Ngozi ahaba imiryango y'Abatwa irenga amajana atanu.

Imihana y'iyo miryango ntivanze n'iy'abandi Barundi bo mu bwoko bw'Abahutu n'Abatutsi.

N'iyo abana babo bageze mu bigero, abo Batwa bavuga ko bubakana hagati yabo kuko gushika n'ubu ngo ubwo bundi bwoko bubinuba.