Trump arashaka ko uwagize igitero c'i New anyongwa

Sayfullo Saipov kw'ifoto yo mu mwaka wa 2016
Insiguro y'isanamu,

Sayfullo Saipov kw'ifoto yo mu mwaka wa 2016

Abashikirizamanza bo mu gisagara ca New York bitwariye umwimukira ava mu gihugu ca Uzbekistan yagirizwa kugira igitero cahitanye abantu umunani muri ico gisagara muri Amerika.

Sayfullo Saipov yagirizwa kandi gufasha umugwi wa Islamic State.

Insiguro y'isanamu,

Ikibanza ico gitero cabereyemwo

Avuga ku vyaha bimwagira, icegera c'umucamanza mukuru Joon Kim yavuze ko Saipov yagirizwa ivyaha bibiri bijanye n'iterabwoba.

Icaha ca mbere ni guterera ibikoresho vyo gutegura ibitero vy'iterabwoba ku mugwi wa IS, ica kabiri na co gutuma hononekara imiduga myinshi yanatumye haba abapfa n'abakomereka.

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe umutekano bariko baratabara abakomeretse aho ico gitero cabereye.

Prezida wa Amerika Donald Trump ari kumwe na reta yiwe aho akorera, yavuze ko agiye gufata ingingo zihuta ku kungene abantu binjira muri ico gihugu.

Prezida Trump kandi ashaka ko hafatwa ibihano ruhasha ku bantu bahamwe n'icaha c'iterabwoba nk'ico cabereye i New York, akifuza ko uwo mugabo yohanishw aigihano co kwicwa anyonzwe.