Abategetsi ba Catalogne birukanywe bahamagawe muri sentare

Carles Puigdemont Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/ Getty
Image caption Puigdemont n'abandi bategetsi 13 ba Catalogne basabwe kwitaba sentare ya Madrid

Abategetsi ba Catalogne bahagaritswe ku mirimo yabo bategetswe kwitaba muri sentare ntahinyuzwa ya Espagne bagirizwa gushaka kwiyonkora nokugumuka, inyuma y'amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kwa cumi.

Sentare ntahinyuzwa ya Madrid yategetse abategetsi 13 na batatu n'uwahoze arongoye intara ya Catalogne Carles Puigdemont, yamenyesheje ko adashobora kwitaba uwo mutahe, kwitaba muri iyo sentare.

"Uru ni urubanza rwa politike," ni ko Puigdemont yavuze ari mu Bubiligi.

Ubwigenge bwa Katalunya: Puigdemont 'ntazemera' umugambi wa Rajoy

Abashikirizamanza bashobora gusohora imitahe yo kubafata mu gihe batokwitaba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pro-unity demonstrators held mass rallies in Catalonia's capital Barcelona on Sunday

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Mariano Rajoy yategetse ko intara ya Catalogne itwarirwa i Madrid, ahagarika inama nshingamateka y'iyo ntara anahamagarira n'uko haba amatora yihuta.

Catalonia iratangira kuyoborwa na leta ya Espagne

Ivyo vyabaye inyuma y'aho abashingamateka b'intara ya Catalogne batoreye itegeko ry'uko iyo ntara ikomeye mu buzima bwa Espagne yigenga.

Reta ya Catalogne ivuga ko ibice 43% vy'abitavye amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kwa cumi, 90% bemeje ko iyo ntara yikukira.