Prezida Mugabe ashaka ko igihano co gupfa gisubizwaho

Raia Mugabe ataka hukumu ya kifo kutekelezwa Zimbabwe Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Rais Mugabe ataka hukumu ya kifo kutekelezwa Zimbabwe

Prezida wa Zimbabwe Robert Mugabe ashaka ko igihano co gupfa gisubizwaho muri ico gihugu.

Ivyo abivuze inyuma y'aho umukozi umwe wo mu bushikiranganji bw'ubutungane avugiye ko abantu 50 bamaze gucibwa urubanza rwo gupfa.

Igihano co gupfa giheruka gushirwa mu ngiro mu 2005 muri Zimbabwe inyuma y'aho uwahora agishira mu bikorwa agiriye mu karuhuko k'iza bukuru, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Umuyobozi wa OMS yisubiyeho ku cyemezo cyo kugena Robert Mugabe nk'umukorerabushake

Robert Mugabe yaneguye abacamanza

Avugira ku maziko ya somambike wiwe muri politike mu gisagara ca Harare, Mugabe yavuze: " Reka tugarukane igihano co kwicwa, abantu barakina n'urupfu mukwicana. Dushaka igihugu kigire amahoro y'umunezero, ntidushaka igihugu abantu bicana."

Abanyororo benshi baraciriwe urubanza rwo gupfa nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AP.