Umuryango w'indege wakorokeye ku nzu iri mu kirere

The door weighed more than 20kgs Uwufise ububasha kw’isanamu Telangana Police
Image caption Uwo muryango upima ibiro birenga 20.

Umuryango umwe mu gihugu c'Ubuhinde waguye mu gahundwe inyuma y'aho umuryango w'indege ukorokeye ku nzu yabo mu gisagara ca Hyderabad.

Umugabo yariko arasiga iyo nzu irangi yahatswe kuko urwo rugi rwakorokeye kuri iyo nzu agiye gufungura inyuma y'umutaga.

Igipolisi cabwiye BBC ko iyo ndege itwara abantu bane ikora akazi ko kwigisha abashaka gutwara indege yariko iragenda iri hagufi cane.

Bavuze kandi ko umupolote n'uwo yariko arigisha bose bakomeye, kandi ko hatanguye amatohoza yo kumenya impamvu ivyo vyabaye.

Umukuru w'igipolisi Karan Kumar Singh yavuze ko ari ibisanzwe kubona indege igurukira hagufi muri ako karere.

Umupolite n'umunyeshure wiwe barahatswe mu kwezi kw'icenda igihe indege nk'iyo yakorokera muri ako karere.