CIA yasohoye amadosiye 470.000 ya Bin Laden

This undated file picture shows Saudi dissident Osama bin Laden speaking at an undisclosed place inside Afghanistan. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption CIA yasohoye amadosiye 470.000 za Bin Laden

Ikigo ca Amerika kijejwe iperereza casohoye idosiye zababa 470.000 zafashwe igihe hicwa uwahoze arongoye umuhari wa Al-Qaeda, Osama Bin Laden mu 2011.

Muri izo dosiye nshasha harimwo imigambi yiwe ubwiwe hamwe na video y'umwana wiwe w'umuhungu Hamza yaje kumuraba.

Ubu ni ubugira kane CIA ishira ahabona amadosiye ya Osama yafashwe igihe batera aho yari yinyegeje i Abbottabad muri Pakistan.

Hari ariko amadoyise adashobora gushirwa ahabona kuko ashobora guhungabanya umutekano w'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption CIA yasohoye amadosiye 470.000 za Bin Laden

Nk'uko CIA ibivuga, ngo izo dosiye zije kwerekana ubucuti buhari ubu hagati ya al-Qaeda na IS, hamwe n'ukutumvikana hagati y'abayoboke ba al-Qaeda.

Inyabwonko yafatiwe muri ico gitero yarimwo video za Hollywood, ibiganiro vy'abana hamwe n'ubutumwa butatu bwo gushimira Osama Bin Laden.

Iyindi video irimwo ubukwe n'umwana wa Osama, Hamza Bin Laden akiri muto.

Hamza Bin Laden ubu afise imyaka 20 n'aho ubu atawuzi aho aherereye.

Inyandiko zaheruka zerekana ko Bin Laden yariko aramutegura kuzomukorera mu ngata nk'umukuru wa al-Qaeda.