Abari abategetsi ba Catalogne batawe muri yompi

Abari abashikiranganji baciye batabwa muri yompi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Indwi ku bari abashikiranganji munani ba catalogne bitavye sentare, bafotowe bashitse

Abahora ari abashikiranganji bo ku rwego rw'intara birukanywe mu mabanga yabo muri Catalogne batawe muri yompi, uwahoze abatwara yasabiwe kurungikirwa umutahe mpuzamakungu.

Uwahora ayobora intara ya Catalogne Carles Puigdemont, kimwe n'abashikiranganji bane bajanye mu gihugu c'Ububirigi, basabiwe n'abashikirizamanza kurungikirwa umutahe mpuzamakungu ubafata.

Abo bategetsi baronderwa uyu munsi ntibabonetse mu nate y'icese yo mu muji wa Madrid uyu munsi.

Uwunganira bwana Puigdemont mu mategeko, yavuze ko uwo yunganira yiteguye gukorana na sentare, ariko yongera ko ko ibihe atari vyiza.

Bwana Puigdemont yavuze ko yifuza kumenya nimba urubanza ruzobamwo ubutungane bukwiye, imbere yo kwitaba.

Abandi bategetsi munani birukanywe mu buyobozi bwa Catalogne bari bitavye, abashikirizamanza baca basaba ko baba baragumijwe mu munyororo.

Bose baregwa kugarariza ubutegetsi no kwosha abanyagihugu kuja mu gikorwa co intara ya Catalogne igihugu ca Espagne.