Yitwaye ashaka gukuza inkwano mu migenzo ya Zimbabwe

GUkwa biri henshi kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugenzo wo guciranira inkwano uri henshi kw'isi

Priccilar Vengesai, umushingwamanza wo muri Zimbabwe, yibaza ko nimba umugenzo wo gukwa ukwiye gukwirikizwa, imiryango y'umuhungu n'umukobwa yompi yari ikwiye gukwa kugira hagume uburinganire hagati y'abagabo n'abagore.

Uyu munyamategeko yituye sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro, asaba ko ikirego ciwe co kwumvirizwa, avuga ko uwo mugenzo uteye kubiri n'uburengenzira bwiwe nk' umunyagihugu

Ibinyamakuru bimenyesha ko igituma yifuza ihinduka ry'uyu mugenzo ari kugirango ntasubire kuba nk'uko vyamugendeye mu gihe yubaka ubwa mbere:

Yagize ati:

  • "Sinagiye mu vyo kwumvikana ku giciro c'inkwano. Sinigeze mpabwa amahigwe yo kubaza impamvu impano yasabwe ingana uko yangana.
  • "Ivyo vyakozwe vyose vyatumye niyumva nk'umuntu w'ikidandazwa, yashizweko igiciro na ba se wabo, nayo umugabo wiwe akakiriha.
  • "Ibi vyatumye ntakaza icizere, mbere bituma umugabo niyumva nk' igikoresho umugabo wanje agaba kuko nabona ko yanguze.
  • "Mva mu muryango w'aba Shona, nkaba nifuz aguca nubaka igihe iki kibazo coba kirangiye.
  • "Kandi mu migenzo y'aba Shona, inkwano itegerezwa gutangw aimebre y'uko ubukwe bwemerwa n'umuryango canke mu kibano.
  • "Mu gihe inkwano itarishwe, abavyeyi n'abaryango ntibemerera bene ubugeni gusezerana imbere y'amategeko.