Abagwanyi ba IS bomowe muri Deir al-Zour muri Siriya

Umukuru w'igihugu ca Siriya Bashar al-Assad yagiye ku butegetsi mu 2000 inyuma y'urupfu rwa se Hafez al-Assad Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igihugu ca Siriya Bashar al-Assad yagiye ku butegetsi mu 2000 inyuma y'urupfu rwa se Hafez al-Assad

Abagwanyi b'umugwi wiyita Leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS) bakuwe bose mu buseruko bw'igisagara ca Deir al-Zour, niko televiziyo y'igihugu ca Siriya yatangaje.

Yavuze kw'ico gisagara "cabohowe burundu kw'iterabwoba".

Amakuru ya mbere yavuga ko inteko za Siriya n'abo bacuditse bigaruriye Deir al-Zour, inyuma y'indwi nyinshi y'imigwano.

Nico gisagara kinini ca nyuma cagenzugwa na IS, ngirakamaro mu vya gisirikare kur'uwo mugwi, mu gihe cegereye urubibe Siriya ihana na Iraki.

IS yafashe ico gisagara mu 2014, ariko ikaba yarikiri mu duce duke tw'intara ya Deir al-Zour.