Indongozi za Catalogne zigiye gutahukanwa muri Espagne

Imyiyerekano igwanya ukwishira n'ukwizana kwa Catalogne Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/REUTERS
Image caption Imyiyerekano igwanya ukwishira n'ukwizana kwa Catalogne

Indongozi zitanu za Catalogne zirimwo kizigenza Carles Puigdemont, zishobora gutahukanwa mu gihugu ca Espagne igihe umucamanza wa Espagne yofata ingingo uno munsi yo gusaba ko baciribwa urubanza mu gihugu c'amavuko.

Bwana Puigdemont hamwe n'abandi bane bahora ari abashikiranganji biwe ntibitavye sentare ku munsi wa kane ngo hagire ico bashikirije ku bijanye n'itohoza ryakozwe rijanye n'umugambi wo gutangaza, atawe bagishije inama, ukwikukira kwa Catalogne.

Abantu umunani bahora muri leta ya Catalogne bari mw'ibohero, inyuma yaho sentare ibankiye ko bigomboza amahera ku munsi wa kane.

(Uwugira icenda ategekanywa kurekugwa uno munsi yigomboje amahera.)

Abo banyepolitike bahungiye mu gihugu c'Ububiligi bakurikiranwa n'ivyaha vyo gutanguza intambara, ukwiyonkora ku butegetsi n'ugukoresha nabi amahera y'igihugu.

Abanya Catalogne ibihumbi barakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ipfungwa ryabo, bavuga ko bakwiye gushigwa mu mugwi w'imbohe za politike.

(Mu butumwa bwa "video" buvuye mu Bubiligi, Bwana Puigdemont yasavye ko barekugwa.)