Amafaranga ya Croix yaranyurujwe mu gihe ca Ebola

Ebola yahitanye 10,000 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ebola yahitanye ubuzima bw'abantu baharugwa mu bihumbi icumi

Ishirahamwe Croix Rouge rimenyesha ko miriyoni z'ama dorari zazimiriye mu biturire n'ubundi bunyonyezi mu gihe co gutabara abahuye n'ikiza ca Ebola mu burengero rwa Afirika.

Abajewe gusuzuma ikoreshwa ry'amafaranga basanze ibice 6% vy'amafaranga yatanzwe muri ico gikorwa mu mashirahamwe ya Croix Rouge yo mu bihugu, yarakebanuwe inyuma y'ico kiza mu 2014.

Muri Liberia ari naco gihugu cababaye kuruta ahandi, hafi miriyoni zitatu z'ama dorari yaranyerejwe mu kugenerwa abakozi batabaho, no gushira ibiciro vy'umurengera ku bikoresho vyaguzwe.

Ikiza ca Ebola cahitanye abantu bagera ku bihumbi cumi mu burengero bwa Africa, hagati ya 2014 na 2016.

Vyasavye gukoresha amafaranga ahararugwa muri za miriyoji z'ama dorari kugirango ico kiza gishobora gutuzwa.