Yarezwe gutuka Mugabe kuri Twitter

Perezida Robert Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Perezida Mugabe niwe mukuru w'igihugu ashaje kurusha abandi

Igipolisi ca Zimbabwe cataye muri yompi Martha O'Donovan, akorera iikigo gitangaza ama video atwenza, kimurega ko yakwiragije ubutumwa kuri Twitter burega perezida Mugabe.

Martha O'Donovan yandatse tweet avuga ko Zimbabwe iyoborwa n'umugabo w' ingunge kandi adakomeye neza.

Iyindi tweet yiwe yavuga ku gisizimwe.

Martha O'Donovan we arahakana ivyo aregwa.

Bwana Mugabe yaheruka kugena umushikiranganji ajejwe gukwirikirana ibica ku mbuga nkoranyambaga.

Abantu baharugwa mu bihumbi baheruka gupfungwa muri yi myaka ya vuba, hisunzwe itegeko ribuza kunegura umukuru w'igihugu.