Igitero cahitanye 26 mw'isengero ry'i Texas muri Amerika

Igiteramo c'amabuji bagandariye abaguye mu gitero ca Sutherland Springs Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igiteramo c'amabuji bagandariye abaguye mu gitero ca Sutherland Springs

Niburiburi abantu 26 baguye mu gitero, abandi 20 barakomereka inyuma yaho umugabo afise inkoho yugururiye umucanwa mw'isengero ry'i Texas ku munsi wa Mungu.

Ico gitero cabaye mw'isengero "First Baptist Church" ahitwa Sutherland Springs, agasagara gato k'ikomine ya Wilson.

Imyaka y'abapfuye iri hagati y'i 5 na 72.

Uwikekwa ko yakoze ico gitero bamutoye yapfuye mu modoka yiwe, ku birometero hirya yaho iryo bara ryabereye.

Igipolisi kivuga ko yari "umuhungu yera akiri muto" ariko itangazamakuru rya Amerika rivuga ko ari uwitwa Devin Patrick Kelley w'imyaka 26.

Kelley avugwa ko yirukanywe mu gisirikare co mu kirere ca Amerika "US air force" mu 2014, inyuma yaho yagirijwe ko yakubise nabi umugore n'umwana.

Ntawuramenya icatumye akora ubwo bwicanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu KSAT
Image caption Uwo mugabo yagavye igitero yabanje arasira hanze y'isengero

Umuyobozi w'igisata kijejwe umutekano w'abanyagihugu c'i Texas, Freeman Martin yavuze ko uwagavye igitero yari yambaye impuzu zirabura hamwe n'ikoti ikingira amasasu, yugurura umuriro akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Ruger ari hanze y'isengero igihe ca 11:30 isaha yo muri ako karere, munyuma yinjira mw'isengero.

Igihe uwo yakoze igitero aviriye mw'isengero, umwe mu banyagihugu yaciye afata inkoho yiwe arasa uwo mugabo yaciye akorora inkoho yiwe, arahunga n'imodoka.

Uwo munyagihugu yarakurikiye uwo mugabo, yahavuye munyuma ata ibarabara, agira impanuka.

Prezida Donald Trump, ari mu rugendo muri Asia, yavuze ko uwo mugabo yakoze ico gitero "ari umuntu adakomeye neza mu mutwe" ntiyemera ko inkoho ziri mu banyagihugu arizo zituma ubwo bwicanyi buba.

"Hari abantu benshi bafise ibibazo vyo mu mutwe mu gihugu cacu, ivuyashitse ntitwobishira ku kibazo c'itunga ry'ibigwanisho," niko yavuze.

Ubwo bwicanyi bubaye haheze ukwezi uwundi mugabo agavye igitero i Las Vegas mu giteramo c'umuzika, yica abantu 58 n'abandi benshi bakomeretse.