Inama kw'ihindagurika ry'ibihe muri Maroc

Ikarata ya Maroc
Image caption Ikarata ya Maroc

Igihugu ca Maroc cuguruye inama y'umuryango mpuzamakungu Onu kw'ihindagurika ry'ibihe, igabisha ko ibimaze kwemegwa bigeze ku ca gatatu mu rugendo rwo kurondera kugabanya ukwiyongera kw'ubushuhe.

Ashikiriza uburongozi bw'iyo nama Fiji, umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Maroc, Salaheddine Mezouar, yavuze ko abaje baserukira ibihugu bidakenewe ko berekana inguvu ivyo bihugu bifise.

Yavuze ko ari igikogwa gikwiye kubamwo abatsinda gusa.

Inama y'i Bonn mu Budagi niyo yabaye iya mbere Prezida Trump yamenyesherejemwo ko agiye gukura igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu masezerano ya Paris.

Abateguye inama bashaka gukora ibikogwa birambuye vyofasha ibihugu vyashize umukono ku masezerano kuyashira mu ngiro.