Itariki y'amatora yatangajwe muri RD Congo

Perezida Kabila yafashe ubutegetsi mu 2001 inyuma yaho se Laurent Désiré Kabila yiciwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Perezida Kabila yafashe ubutegetsi mu 2001 inyuma yaho se Laurent Désiré Kabila yiciwe

Akanama kajejwe amatora katangaje kw'amatora y'umukuru w'igihugu yashizwe mu kwezi kwa 12 mu mwaka w'i 2018.

Iyo ngingo ntiyanezereje imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yipfuza ko Perezida Joseph Kabila ava ku butegetsi.

Amatore yari yategekanijwe gutunganywa uno mwaka hisunzwe amasezerano yumvikanyweko mu mwaka uheze, ariko akanama kajejwe amatora ntikashobora kuyategura ku gihe.

Ako kanama kigize gutangaza aho ha mbere ko amatora azoba mu 2019 ariko kamenyesheje ko amatora y'umukuru w'igihugu, abashingamateka, n'abarongora intara azoba itariki 23 Ukwezi kwa 12 mu mwaka w'i 2018.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi biyamirije iryo sango, bavuga ko badashobora kuryemera.

Bavuze ko Perezida Kabila ategerezwa kuva ku butegetsi vyanse bikunze imbere y'impera z'uno mwaka.

"Turanse ikirangaminsi c'amatora...ico twipfuza muri kino gihe nuko Kabila ava ku butegetsi hageze itariki 31 Ukwezi kwa 12 mu 2017," niko Augustin Kabuya, umuvugizi wa "Union pour la Démocratie et le Progrès Social" (UDPS), yavuze.

Umukuru w'igihugu mushasha ategekanywa kurahishwa itariki 12 Ukwezi kwa mbere mu 2019.

RD Congo: Yegereyegere ku mugwa mukuru Kinshasa

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Moise Katumbi, umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa RD Congo

Uwurongoye imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Moise Katumbi yiyamirije iyo tariki y'amatora.

"Ntitwemera ico kirangaminsi. Kabila ategerezwa kuhava," niko yanditse kuri Twitter.