Nigeria: Amashirahamwe ibihumbi amajana ntariha ikori

Perezida Muhammadu Buhari amaze igihe kinini akitswe n'amagara, yarahagurukiye ibiturire

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Perezida Muhammadu Buhari amaze igihe kinini akitswe n'amagara, yarahagurukiye ibiturire

Umushikiranganji ajejwe ibigega muri Nigeria, Kemi Adeosun, yavuze ko ubutegetsi bwatororokanije amashirahamwe arenga 800000 arimwo n'ayakorana na leta atarigera ariha ikori.

Uwo mukenyezi yavuze ko bashitse kuri ico cegeranyo inyuma yaho ayo mashirahamwe agenzuriwe ku bijanye n'amakori.

Gutoza amakori cane nico gikogwa ca mbere ca Leta irongowe na Perezida Muhammadu Buhari.

Ku bitigiri vyashizwe ahabona n'ubushikiranganji bw'ibigega vya leta, biboneka kw'igihugu gifise imiliyoni 14 z'abaguma bariha ikori ku banyagihugu imiliyoni 70.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko hari inyuruzwa ry'amakori ku ngazi zose z'ubutegetsi.