Abaganga ba Uganda batanguye yegereyegere

Perezida Museveni aherutse kuvuga ko azofunga abaganga ni baja muri yegereyegere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Perezida Museveni aherutse kuvuga ko azofunga abaganga ni baja muri yegereyegere

Abaganga ba Uganda batanguye yegereyegere y'ikiringo kitazwi mu bisata vyose vy'ubuvuzi vy'igihugu, bimwe muvyo basaba kukaba ari ukwongegwa umushahara.

Uretse ico kibazo c'umushahara, abo baganga bavuga ko ata bikoresho bikwiye bafise, nuko bamwe muribo bafatwa bagafungwa bagirizwa ibiturire.

Umushikiranganji wa mbere wa Uganda (Ruhakana Rugunda) yabonanye n'abateguye iyo yegereyegere, abasaba gusubira ku kazi mu kurindira ko leta yihweza ivyo basaba.

Ivyoyabasaba vyishuwe n'ukuzomegwa.

Mu ndwi iheze, Perezida Yoweri Museveni yavuze ko azoshinga amategeko yo mu bihe bidasanzwe igihe iyo yegereyegere yokogwa, akongera agafunga abaganga bazoba bayitavye.