Donald Trump mu rugendo muri Korea Yepfo

Bwana Trump n'umutambukanyi wiwe bakigwa n'umushikiranganji w'imigenderanire Kang Kyung-wha (hagati) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Bwana Trump n'umutambukanyi wiwe bakigwa n'umushikiranganji w'imigenderanire Kang Kyung-wha (hagati)

Prezida wa Amerika Donald Trump ari mu rugendo mu gihugu ca Korea Yepfo, ikibazo ca Korea ya Ruguru ku migambi yaco y'ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucléaire" kikaba kiri ku rutonde rw'ivyamujanye.

Ashitseyo avuye i Tokyo, amaze gushikiriza ku munsi wa mbere ko Ubuyapani bushobora gukorora "missiles" za Pyongyang bukoresheje ibigwanisho vya Leta Zunze ubumwe za Amerika.

Ikibazo c'ubudandaji kiri mu bindi Bwana Trump aja kuvugana na Korea ya Ruguru na cane cane ku masezerano mashasha.

Aza kubonana na Perezida Moon Jae-in, abasirikare ba Amerika hamwe n'abanyepolitike bo muri ico gihugu.

Bwana Trump ari mu rugendo ruzomushikana mu bihugu bitanu vyo muri Asia, ubwa mbere ari umukuru w'igihugu.

Imbere yuko afata urwo rugendo rwo muri Korea Yepfo, Bwana Trump yarungitse ubutumwa kuri Twitter avuga ko hari amasezerano ya gisirikare hamwe n'ay'amasoko ntanganguvu bapfunditse n'Ubuyapani yongera ahayagiza Bwana Moon.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abo bategetsi babiri baheruka guhura mu kwezi kw'icenda mw'ikoraniro kaminuza rya Onu

Urwo rugendo rugiye gukomeza ugufashanya mu vya gisirikare kwamye gukingira Korea Yepfo no kuguma bafatanye mu nda, bukaba ari nabwo butumwa bashaka kurungikira indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un, niko umumenyeshamakuru wa BBC Robin Brant ari i Séoul yavuze.