Igitero ku kigo ca televiziyo i Kabul

Umutekano wakomejwe munyuma aho igitero cabereye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umutekano wakomejwe munyuma aho igitero cabereye

Abantu bafise ibigwanisho bateye ku kigo ca televiziyo mu gisagara ca Kabul muri Afuganistani, umuntu umwe aracikana.

Abantu batatu nibo bagavye igitero ku nyubakwa ya Shamshad TV bakoresheje ibisasu biturika, niko igipolisi cavuze.

Umunyezamu hamwe n'umwe mu bateye bapfuye, abajejwe umutekano bakaba bashitse muri ico kibanza.

Ntawuramenye igitigiri c'ukuri c'abantu bapfuye canke bahakomerekeye.

Umugwi wiyita Leta y'iki Islamu "Islamic State" niwo wemanze ico gitero, mw'itangazo wacishije ku rubuga rwayo Amaq.

Umumenyeshamakuru wa BBC akorera muri ako karere yavuze ko yaracumva urwamo rw'inkoho mu gihe abateye basigaye barinze.

'Nashoboye guhunga'

Iteleviziyo Shamshad ntiyashoboye kubandanya ibiganiro inyuma yaho ico gitero gitanguriye.

"Bamwe mubo dukorana bishwe abandi barakomereka. Nashoboye guhunga," niko umumenyeshamakuru Hashmat Istankzai yabwiye BBC.

Kabul imaze amezi yibasiwe n'ibitero vy'aba Talibani hamwe n'abagwanyi ba Leta y'iki Islamu.

Afuganistani kiri mu bihugu vya mbere biteye ubwoba ku bamenyeshamakuru no ku bandi bakozi b'itangazamakuru.

Igitero c'umwihevyi cishe 8 i Kabul muri Afuganistani

Mu kwezi kwa gatanu, umushoferi wa BBC yarishwe mu bantu 150 bahitanywe n'igitero c'umwiyahuzi ku mugwa mukuru Kabul.

Mu mwaka uheze, abakozi indwi ba Televiziyo Tolo barishwe n'umwiyahuzi w'umutalibani i Kabul.