Yakuwe mu kazi mu kudugiriza abacungeye Trump urutoke rwo hagati

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Juli Briskman ngo nticuza ku vyo yakoze ahuye n'iyo miduga

Umugore yafotowe yadugije urutoke rwo hagati ku miduga y'abacungera ubuzima Prezida Donald Trump wa Amerika, yirukanywe mu kazi kubera iyo foto.

Iyo foto yarahererekanywe cane inyuma yaho ifatiwe itariki 28 z'ukwezi kwa cumi i Virginia hafi yaho Trump akinira golf.

Juli Briskman, ariwe yamenyekanye kuri iyo foto ari kw'ikinga, avuga ko yirukanywe n'abamukoresha mu kigo Akima LLC, inyuma yaho ayishiriye mu kibanza ciwe c'umwidondoro ku rubuga ngurukanabumenyi.

Ico kigo nticifuje kuvugana na BBC yagisaba kugira ico ibivuzeko.

Umukenyezi Briskman yabwiye itangazamakuru rya Amerika kw'ico kigo camuhamagaye mu nama, inyuma y'umunsi umwe abwiye igisata kijejwe abakozi ko ari we ari kw'ifoto iguma ihererekanwa.

Yabwiye ikinyamakuru "Huffington Post news" gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi ko abamutwara bamubwiye kw'iyo foto yerekana "ibiterasoni" ko iteye kubiri na politike yabo ku vy'imibano mu vy'itangazamakuru mu kuba yayishize kuri Twitter na Facebook.

Madamu Briskman yavuze ko yabwiye abamukoresha ko hatari igihe c'akazi igihe iyo foto yafatwa, kandi ko atigeze avuga ivy'abamukoresha ku rubuga ngurukanabumenyi.

Avuga k'umugabo bakorana yaciye asabwa gukora akazi yakora, amaze guhanagura ubutumwa buturira yanditse ikindi gihe.

Aribaza igituma yaciye akugwa mu mabanga yarafise.

Uwo mugore w'imyaka 50 afise abana babiri, yaramaze amezi atandatu akora mu kigo gikorana na leta mu gisata co guhererekana amakuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Kwiyamiriza imbere y'imiduga ireruye abategetsi birakunze gukogwa, ino foto yafashwe na Brendan Smialowski uwo munsi nyene

Naho yakuwe mu kazi, Madamu Briskman avuga ko aticuza ico yabikoreye.